Uko wahagera

Ngo Prezida wa Cameroun, Paul Biya, Ntarwaye


Prezida wa Cameroun, Paul Biya mu mwaka w'2013
Prezida wa Cameroun, Paul Biya mu mwaka w'2013

Abatetetsi mu gihugu ca Cameroun, barahakana ko prezida w’ico gihugu Paul Biya, muri iki gihe afise imyaka mirongo umunani n’ibiri, arwaye bikomeye.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru w’igihugu ca Cameroun, Issa Tchiroma Bakary, yabwiye abamenyeshamakuru, ku musi wa kabiri, ko prezida Biya, ari hanze y’igihugu kuva kw’italiki zitatu z’ukwezi kwa gatatu, ariko atembera, ku giti ciwe, mu karere k’i Bulaya, kw’atariko yivuza mu bitaro vyo mu gisagara ca Geneve, nkuko vyatangajwe.

Issa Tchiroma Bakary, avuga ko prezida Paul Biya n’umutambukanyi wiwe, muri iki gihe bari mu karere k’i Bulaya, mu gihe gitoyi, ku giti cabo, kw’ivyerekeye amagara yabo bitoregerezwa gutera impungenge na ntoyi.

Amenyesha ko prezida Biya, n’umupfasoni wiwe bameze neza.

Ku bw’umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, Issa Tchiroma Bakary, urukurukuru ku vyerekeye amagara ya prezida Biya, rwatangujwe ubwa mbere n’ikinyamakuru, Le Monde. Amenyesha kw’urwo rukurukuru ruri mu mugambi rw’ugucafuza prezida Biya.

XS
SM
MD
LG