Uko wahagera

Barack Obama Yasavye Abanyamerika Kwihata Gushikira Uburinganire


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yarahimbaje, ku musi wa gatandatu, mu gisagara ca Selma, imyaka mirongo itanu irangiye habaye imyiyerekano yaharanira uburenganzira bw’ugutora bw’abirabure muri Amerika, mu gutera akamo Abanyamerika gukorera hamwe, kugira batume Amerika imera neza kurushiriza.

Mu gihe prezida Obama, yemeye kw’urugamba rw’uburinganire hagati y’Abanyamerika rutaratsindwa, yabwiye abantu ibihumbi n’ibihumbi, bari bakoraniye mu gisagara ca Selma, muri Reta ya Alabama, ko yiyamiriza abavuga kw’ata kintu na kimwe cahindutse.

Kwibuka imyaka mirongo itanu irangiye habaye imyiyerekano, mu gisagara ca Selma, isaba uburenganzira bw’ugutora bw’abirabure bo muri Amerika, bibaye mu gihe Amerika iriko ihangana n’umwuka mubi, ufatiye kw’ibara ry’urukoba, bivuye ku kugene igipolisi gifata abirabure bo muri Amerika.

Igisagara ca Selma, muri Reta ya Missouri, aho umupolisi w’umuzungu yarashe umukangara w’umwirabure ata kirwanisho yari yitwaje, Michael Brown, mu mwaka uheze inyuma yuko ahanganye nawe mw’ibarabara, nico cashimikiweko kurushiriza.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yavuze ko raporo y’ubushikiranganji bujejwe ubutungane, muri iyi ndwi, yasanze igipolisi mu gisagara ca Ferguson, carenze incuro zitari nke, ku burenganzira bw’abirabure, bitibagiza intambwe Amerika imaze kugira.

.

XS
SM
MD
LG