Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko: Abarwanyi Baranyuruje Abana 89.


Ikarata ya Sudani yo mu bumanuko
Ikarata ya Sudani yo mu bumanuko

Abantu bitwaje ibirwanisho barateye ishule, muri Sudani yo mu bumanuko, banyuruza abana mirongo umunani n’icenda, canke barenga, nkuko vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ku musi wa gatandatu.

Inyuruzwa ry’abo bana ryabaye, mu gihe bariko bakora ibibazo mw’ishule riri hafi y’ahitwa Malakal, mu buraruko bw’igihugu.

Ico gice cakiye impunzi ibihumbi n’ibihumbi, zahunze ubwicanyi mu bice zivamwo.

Ishirahamwe mpuzamakungu tyitaho abana, UNICEF, ryatangaje kw’igitigiri c’abana banyurujwe gishobora kuba kiri hejuru kurushiriza, mu gihe abarwanyi bagiye inzu ku yindi barondera abana b’abahungu barenza imyaka cumi n’ibiri. Ishirahamwe UNICEF, ryariyamirije inyuruzwa ry’abo bana, rikaba ryagabishije ababanyuruje ko barenze ku mategeko mpuzamakungu.

Uwuserukira ishirahamwe UNICEF, muri Sudani yo mu bumanuko, Jonathan Veitch, avuga ko gukoresha abana mu gisirikare bisambura imiryango. Amenyesha kw’abana bakorerwa amabi akomeye, ngo baratakaza imiryango yabo, n’akaryo k’ukuja mu mashule. Ishirahamwe UNICEF, ryasavye abanyuruje abo bana kubarekura bidatevye.

XS
SM
MD
LG