Uko wahagera

Umutegetsi Akomeye mu Murwi, al-Shabab, Yarishwe


Somalia kw'ikarata
Somalia kw'ikarata

Somalia itangaza kw’igitero indege y’ingwano, itagira umudereva ya Amerika, cahitanye umurwanyi w’sumurwi al-Shabab, Yusuf Dheeg.

Reta ya Somalia yamenyesheje, mw’itangazo, ku musi wa gatatu ko, Dheeg, hamwe n’abandi bategetsi bakuru b’umurwi al-Shabab bapfuye, muri ico gitero, cabereye, mu gisagara ca Dinsor, mu bumanuko bwa Somalia. Amakuru yaturutse, muri uwo murwi, yaremeje iyicwa rya, Dheeg, kw’Ijwi rya Amerika.

Reta ya Somalia ivuga ko Dheeg, yari umutegetsi mukuru ajejwe ibikorwa vyo hanze vy’umurwi al-Sahabab, niwe yari ajejwe guteragura ibitero, muri Somalia, no hanze ya Somalia.

Reta ya Somalia, imenyesha ko yategura ibitero vy’amabombe, n’ibikorwa vy’abihevyi, akaba yari umuntu akomeye cane, mu murwi al-Shabab.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zarahize abayobozi b’umurwi, al-Sahab, mu bitero bitari bike vy’indege z’ingwano.

XS
SM
MD
LG