Vyongeye, abarwanya ubutegetsi bo mu murwi FDLR basaba kwongerwa ikiringo c’amezi atandatu kugira ngo babandanye igikorwa co gushira ibigwanisho hasi; igikorwa bavuga ko batanguye.
Yamara reta y’Urwanda ivuga kw’abarwanyi bo mu muhari FDLR badakwiye kwongerwa ikindi kiringo ngo kuko aribwo buryo bama bakoresheje mu gushaka gutebesha ibintu.
Reta y’Urwanda ivuga ko FDLR ikwiye kwamburwa ibigwanisho ku nguvu, nk’uko icegera ca ambassaderi aserukira Urwanda muri ONU, Olivier Nduhungirehe yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika.
Mushobora kwumvuririza.