Uko wahagera

Somaliya: Umutegetsi w'iperereza muri al-Shabab Yarishwe


Ikarata ya Somalia
Ikarata ya Somalia

Reta ya Somalia,yatangaje kw’umutegetsi mukuru ajejwe iperereza,w’umurwi al-Shabab yishwe,mu gitero c’indege z’ingwano za Amerika,hafi y’igisagara ca Saakow.

Itangazo, yasohowe n’urwego rujejwe iperereza, ’umutekano rwa Somalia, ku ku wa kabiri, rimenyesha ko,Abdishakur Tahlil, yishwe, hamwe n’abandi bantu babiri, mu gitero cabaye, ku musi wa mbere.

Iryo tangazo rimenyesha ko yari agenda, mu modoka hagati y’igisagara ca Saakow, n’imihana y’ahitwa, Jawari, igihe imodoka yiwe yasamburwa, n’igitero c’indege z’ingwano za Amerika.

Umurwi al-Shabab, ukorana n’umurwi al-Qaida, uriko ugerageza gutembagaza Reta y’igihugu ca Somalia, kugira ushireho Reta igendera, ku mategeko y’idini rya Islamu.

Umuvugizi wa Reta ya Amerika, yatangaje, ku musi wa mbere, kw’abategetsi ba Amerika batabona ko hari abasivile boba baratajake ubuzima, canke ngo bakomereke, muri ico gitero.

XS
SM
MD
LG