Uko wahagera

Ibitero Bibiri vya Bombe, Vyahitanye Abantu 31, muri Nigeria


Ikarata y'igihugu ca Nigeria
Ikarata y'igihugu ca Nigeria

Abategetsi b’igihugu ca Nigeria, batangaza ko kw’amabombe abiri yaturikiye, mu gisagara ca Jos, kiri hagati mu gihugu ca Nigeria, yahitanye abantu mirongo itatu n’umwe, canke barenga.

Ayo mabombe yaturitse, ku musi wa kane, yabereye kw’isoko aho igitero ca bombe, yari yatezwe mu modoka, mu kwezi kwa gatanu, yahitanye abantu ijana na cumi n’umunani, canke barenga.

Abantu bikeka, mu gitero co ku musi wa kane, umurwi Boko Haram, wagirijwe igitero co mu kwezi kwa gatanu, mu gisagara ca Jos.

Umurwi, Boko Haram, umaze imyaka itanu urondera gushiraho Reta ifatiye kw’idini rya Islamu, mu buraruko bushira ubuseruko, bw’igihugu ca Nigeria.

Prezida, w’igihugu ca Nigeria, Goodluck Jonathan, mu mwaka uheze, yaratangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe, mu ntara zo mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Igitigiri c’ibitero, kuva ico gih,e vyariyongeye bikomeye, imbere y’amatora azoba mu kwezi kwa kabiri, mu mwaka w’2015.

Muhammadu Buhari, ayahoze ari umutegetsi w’umusirikare, yatwaye igihugu ca Nigeria, azohiganwa na, Goodluck Jonathan, mu matora y’umukuru w’igihugu, ubugira kabiri, mu mwaka uza.

Ku musi wa gatatu, abihevyi, bari bafise amabombe, barishe abantu bane, canke barenga, kw’isoko yo mu gisagara, kigira kabiri mu bunini, muri Nigeria, ca Kano.

Umuvugizi w’igipolisi yabwiye Ijwi rya Amerika kw’abapfasoni babiri bari bafise amabombe bayaturikije mu kibanza imodoka zihagararamwo mu kibanza c’isoko ryitwa Kantin Kwari.

Ikinyamakuru co muri Nigeria, Daily Trust, catangaje kw’abantu cumi na babiri canke barenga bakomeretse muri ico gitero.

XS
SM
MD
LG