Uko wahagera

Umuyobozi wa C-I-A, Yarashigikiye Uburyo bwo Gusambisha Abikekwa Iterabwoba


Umuyobozi w'ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, CIA, John Brennan
Umuyobozi w'ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, CIA, John Brennan

Umuyobozi mukuru w’ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, C-I-A, John Brennan, yarashigikiye ikoreshwa ry’uburyo bukomeye, mu gusambisha abikekwa ko bagira iterabwoba, inyuma y’ibitero vyagizwe, kuri Amerika, mu mwaka w’2001.

Mu kiganiro yatangiye, ku cicaro gikuru c’ibiro C-I-A, John Brennan, yatangaje, ku musi wa kane, kw’uburyo bwakoreshejwe, bwatumye haboneka amakuru akomeye, ku gihugu, yatumye ibindi bitero bitaba, abagira iterabwoba b’umurwi al-Qaida barafatwa.

Ntiyashigikiye Raporo ndende ya Senat, ya Amerika, muri iyi ndwi, ivuga kw’uburyo bukomeye bw’ugusambisha abikekwa iterabwoba, ata makuru y’akamaro yerekeye iperereza bwatumye atangwa, kandi kw’ubwo buryo bwakoreshejwe bwafashe abikekwa iterabwoba bunyamaswa. Yaremeye ko bamwe mu bakozi b’ibiro C-I-A, barenze ku buryo burekuriwe, igihe bariko basambisha abikekwa iterabwoba, akaba yatangaje kw’ivyo bakoze vyotegerezwa kwiyamirizwa.

Yamara yarahayagije igitigiri kinini c’abakozi b’ibiro, C-I-A, ku bikorwa bakoze, inyuma y’ibitero vyabaye kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icenda, mu mwaka w’2001, muri Amerika, vyahitanye abantu bagera ku bihumbi bitatu.

XS
SM
MD
LG