Uko wahagera

Imigambwe 8 Itavuga Rumwe Na Reta Yashinze Urunani Rushasha.


Agathon Rwasa
Agathon Rwasa

Imigambwe umunani irimwo uruhande rwa FNL rurongowe na Agathon Rwasa, umugambwe Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye hamwe n’uruhande rundi rwa Uprona rurongowe na Charles Nditije, iri kumwe n’iyindi migambwe itanu, ku musi wa kane itariki 11 y’ukwezi kwa 12 niho yatangaza urwo runani.

Mu kiganiro Rwasa Agathon yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, yavuze kw’urwo runani rufise umugambi wo gukura ku butegetsi umugambwe CNDD-FFD.

Avuga kandi kw’iyo migambwe yumvikanye kw’izoshikiiriza umutegetsi umwe azokwitoza ku giti c’urwo runani mu matora y’umukuru w’igihugu.

Rwasa Agathon atangura ashikiriza urutonde rw'imigambwe igize urwo runani

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:21 0:00

XS
SM
MD
LG