Uko wahagera

Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, Yasavye O-N-U, Gufasha Gukwirikirana, al-Islam Ghadhafi


Seif al-Islam Gadhafi, umuhungu nwa Moammar Gdhafi, yahoze ari umutegetsi w'igihugu ca Libya
Seif al-Islam Gadhafi, umuhungu nwa Moammar Gdhafi, yahoze ari umutegetsi w'igihugu ca Libya

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yarashikirije igihugu ca Libya, urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U rujejwe kwubaujiriza umutekano kw’isi, kubera ico gihugu canse gutanga umuhungu w’uwahoze ari umutegetsi w’igihugu ca Libya, Moammar Gadhafi, kugira akwirikiranwe.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ishaka, Seif al-Islam, kw’acirwa ububanz,a ku vyaha bityoza agateka ka muntu, yagirizwa bifatiye kw’ikandamiza ryihaye inkumbi mu mwaka w’2011, ku bantu isinzi bari mu myiyerekano y’ugukura ku butegetsi, Moammar Gadhafi.

Abitegereza ibintu, bavuga ko kw’ingingo ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, yatangajwe ku musi wa gatatu, ata bukomezi ifise.

Bemenyesha kw’ivy’uko, Seif al-Islam Gadhafi, azokwigera ashirwa imbere y’intahe, bidatomoye.

Seif al-Islam, aracari mu minwe y’abarwanyi, mu gisagara ca Zintan, kiri mu burengero bw’igihugu ca Libya, abayoboye abo barwanyi bakaba baranse kumutanga.

Reta y’igihugu ca Libya, nta butegetsi buboneka, ifise mu karere ka Zintan.

XS
SM
MD
LG