Iyo migambwe isaba kw’igikorwa co kwandika abanyagihugu bazotora, kiba kirahagaritswe ngo kubera habonetse amahinyu menshi ajanye n’igikorwa co kwiyandikisha. Iyo migambwe ivuga ko naho ata mugambi wo kwiyonjora mu matora ifise mu mwaka uza, ngo itegerezwa gukora ibishobotse vyose kugira ngo ubusuma bwagararaye mu kwiyandikisha, buhagarare.
Yamara umutegetsi wo mu murwi CNI ujejwe gutunganya amatora, avuga ko CNI idashobora guhagarika ico gikorwa co kwandika ngo kuko ingingo nk’iyo itofasha; ahubwo yoba isubije inyuma abarundi. Umushingantahe Prosper Ntahorwamiye atangura avuga, uko, mu murwi CNI, bakiriye ikete bandikiwe.