Uko wahagera

Ibihugu Bitari Bike, Vyaremeye Kwakira Impunzi z'abanya Syria


Umwana w'umukobwa w'Imunzi yo muri Syria
Umwana w'umukobwa w'Imunzi yo muri Syria

Ishirahamwe m puzamakungu O-N-U, ryatangaje ko bimwe mu bihugu bigize iryo shirahamwe, vyemeye kwakira impunzi z’abanya Syria, zirenga ibihumbi ijana, zivuye mu bihugu bibanyi vy’igihugu ca Syria, vyakiye impunzi zivuye muri ico gihugu.

Ivyo vyatangajwe n’umutegetsi mukuru ajejwe impunzi w’ishirahamwe O-N-U, Antonio Guterres, ku musi wa kabiri, vyabaye amasaha makeyi, inyuma y’ikoraniro ry’ibihugu bitanga infashanyo, i Geneve, mu gihugu c’Ubuswisse, aho yasubiye gusaba kw’amakungu yokorana kurushiriza, kugira yakire impunzi z’abanya Syria, zihunga ingwano.

Avuga kw’ibihugu mirongo ibiri n’umunani, vyerekanye ko vyifatanije n’impunzi z’abanya Syria ,hamwe n’ibihugu bitanu bibanyi vy’igihugu ca Syria, vyakiye izo mpunzi, n’ukuvuga ibihugu vya Libani, Jordaniya, Turkiya, Iraki na Misiri, mu kwemera kwakira impunzi zirenga ibihumbi ijana.

Ku bw’ishirahamwe O-N-U, vyinshi mu bihugu vyemeye, ku musi wa kabiri, kwakira impunzi z’abanya Syria, n’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’i Bulaya.

XS
SM
MD
LG