Uko wahagera

Burkina Faso: Michel Kafando ni we Perezida w'Inzibacyuho


Michel Kafando ageza ijambo ku nteko rusange ya ONU ya 65, taliki ya 28 y'ukwezi kwa cyenda muri 2010
Michel Kafando ageza ijambo ku nteko rusange ya ONU ya 65, taliki ya 28 y'ukwezi kwa cyenda muri 2010

Muri Burukina Faso, Michel Kafando yashikirijwe amabanga y'umukuru w'igihugu mfatakibanza icese, ico gihugu co mu burengero bwa Africa kikaba gisubije ubutegetsi abasivile.

Mu birori vyabaye kuri uno musi wa Kabiri ku mugwa mukuru wa Ouagadougou, umushingantahe Kafando yarahiye icese kuri television ko, azo kwubahiriza ibwirizwashingiro n’amabwirizwa agenga reta mfatakibanza.

Uwo mukuru w’igihugu mushasha, ashinzwe igikogwa co gutora umushikiranganji wambere, hamwe no gufasha igikogwa co gutora abandi bategetsi 25 bazoba bagize reta mfatakibanza ya Burkina Faso kugeza igihe c’amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka uza.

Igisirikare ca Burkina Faso cari cafashe ubutegetsi kw’itariko yambere y’uku kwezi kwa cimi na rimwe, nyuma yaho uwari amaze igihe kire kire kubutegetsi Blaise Compaore yeguye.

Kafando yatowe mu kibanza c’umukuru w’igihugu ejo ku musi wambere n’akagwi kagizwe n’abategetsi mugisirikare, abanyepolitike, abayobozi ba societe civile n’abamadini. Uyu mutama w’imyaka mirongo indwi n’ibiri, ntarekuriwe kuzoja mumatora y’umukuru w’igihugu yimirije mu mwaka uza.

XS
SM
MD
LG