Uko wahagera

Abarundi Bagirizwa Ko Bakorana N’Imirwi Y’iterabwoba, Barahagaritswe


President w'Uburundi Pierre Nkurunziza.
President w'Uburundi Pierre Nkurunziza.

Kw’igenekerezo rya 28 ry’ukwezi kw’icumi, umwka w’2014, umushikiranganji ajejwe umutegkano w’igihugu, Gabriel Nizigama, yaremeje amakuru avuga ko hari abarundi babiri bahagaritswe.

Umushingantahe Nizigama yavuze kw’abo barundi- umwe yafatiwe mu Burundi, uwundi agafatirwa mu gihugu ca Tanzania- bari bafise ibimenyetso n’ibikoresho vyerekana ko bariko barakorana n’imirwi yo kw’isi izwi, ikora ibitero vy’iterabwoba.

Yavuze kw’ibintu abajejwe umutekano bashoboye kubona vyerekana kw’abo barundi bakorana n’umurwi ugwanya ubutegetsi mu gihugu ca Somalia, Al-Shabab hamwe n’umurwi urwanya ubutegetsi mu gihugu ca Nigeria witwa Boko Haram.

Yavuze kandi kw’uyo murundi yafatiwe Burundi yar’afise ifoto ya Bin Laden yishwe, yahora ar’umukuru w’umurwi kirangiranwqa ukora ibitero vy’iterabwoba, Al-Qaida.

Mushobora kwumvuriza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:20 0:00
Ibishamikiyeho

XS
SM
MD
LG