Uko wahagera

Burundi: Abatwa Baridogera Umurwi Ushinzwe Amatora


Abatwa mu Burundi bavuga kw’ingingo yafashwe n’ishirahamwe CNI rijejwe gutunganya amatora, yerekana kw’uburenganzira bw’abatwa, butubahirijwe mu Burundi.

Umukenguzamateka w’Umutwa arega umurwi CNI ko watanze ibibanza bibiri vy’abatwa, ukabiha umuhutu hamwe n’umutunzi, akaba aribo bja mu murwi userukira abatwa mu ntara ( CPI) Umushingantahe Vital Bambanzearatera akamo umurwi CNI kawusaba guhindura ivyo bintu bonyene.

Yamara umurwi CNI wowo uvuga ubwo burenganzira bwo kugena umuhutu hamwe n’umututsi mur’ivyo bibanza vy’abatwa, bwatanzwe n’ishirahamwe ry’abatwa, ryerekanye ko rirengeye amako, mu guha ibibanza vyabo, abantu batari mu bwoko bwabo.

Mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, umuvugizi w’umurwi CNI yavuze kw’ubundi bwoko bukwiye gufatira akarore kur’ako kizero abatwa batanze, kugira ngo hamwe umwizero hagati y’abarundi bo mu bwoko butandukanye. Yavuze kandi kw’ivyakozwe bitazohindurwa kandi ko noneho, imirwi yose yo mu Burundi idashobora guserukirwa.

Mushobora kwumviriza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:43 0:00
Ibishamikiyeho

XS
SM
MD
LG