Uko wahagera

Ibiziga Vyatowe Mu Kiyaga Rweru Ngo Vyavuye Mu Rwanda


Ikarata yerekana imbibe z'Uburundi n'Urwanda
Ikarata yerekana imbibe z'Uburundi n'Urwanda

Inyuma y’ikiringo kirenga ukwezi habonetse ibiziga mu kiyagai Rweru, abategetsi b’Uburundi batangaje kw’ivyo biziga vyavuye mu Rwanda.

Bubaye ubwa mbere, abategetsi b’Uburundi bemanze icese, bagatangaza kw’ibiziga vyatowe mu kwezi kw’umunani mu ruzi Rweru, vyavuye mu Rwanda. Mu ntango, abategetsi bo mu Burundi bavuga kw’ivyo biziga, atar’ivy’abarundi.

Yamara mu kiganiro umushikizizamanza kizigenza w’Uburundi , Valentin Bagorikunda yahaye abamenyeshamakuru hamwe n’ikiganiro yahaye Iradiyo Ijwi rya Amerika, yavuze kw’itohozwa ryakozwe ryashitse ku cemezo kivuga kw’ivyo biziga vyavuye mu Rwanda.

Iyo ngingo ubushakashatsi bwashitseko, niyo kandi n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu hamwe n’ibinyamakuru bitandukanye vyashitseko, nk’uko umushingantahe Bagorikunda abivuga.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:40 0:00
Ibishamikiyeho

XS
SM
MD
LG