Uko wahagera

Ubwongereza Bwifatanije N’urunani Mu Gutera Umurwi ISIS


ndege y'ingwano y'igihugu c'Ubwongereza iriko iruruka, ivuye kurasa ku murwi w'intagondwa z'abaislamiste mu gihugu ca Iraki, kw'igenelerezo rya 30 ry'ukwezi kw'icenda
ndege y'ingwano y'igihugu c'Ubwongereza iriko iruruka, ivuye kurasa ku murwi w'intagondwa z'abaislamiste mu gihugu ca Iraki, kw'igenelerezo rya 30 ry'ukwezi kw'icenda

Igihugu c’Ubwongereza caraye gikoze igitero ca mbere c’indge ku murwi w’intagondwa z’abaislamiste mu gihugu ca Iraki.

Ubushikiranganji bw’igihugu c’Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi, ejo ku musi wa kabiri, bwaratangaje inkuru ivuga kw’indege z’ingwano z’igihugu c’Ubwongereza, zarashe ku kibanza kinyegejwemwo ibigwanisho.

Ico gitero nico gitero ca mbere igihugu c’Ubwongereza gikoze, mu rugamba rurongowe na reta zunze ubmwe za amerika, rurimwo abasirikare bo mu bihugu vy’abarabu hamwe n’abasirikare bo mu bihugu vy’ibulaya.

Abagwanyi b’abaKurde nabo nyene, barakoze ibitero bitari bike ku birindiro vy’abagwanyi bo mur’uyo murwi w’intagondwa, Etat Islamiste, mu gihugu ca Iraki ejo ku musi wa kabiri, bashigikiwe n’abasirikare b’igihugu ca Iraki hamwe n’indege z’ingwano zo mu bihugu 11, vyagize urunani rwo kugwanya abaislamiste.

Ibiro vya reta zunze ubumwe za amerika bitunganya ivyo bitero, vyari vyatangaje kw’ibitero vy’indege mu gihugu ca Syria vyabandanije.

Indege zitagendeshwa n’abadereva Drone hamwe n’indege z’ingwano, zararashe ku bibanza 11, birimwo ububiko bw’ibigwanisho vya rocket, mu micungararo y’igisagara citwa Kobane

XS
SM
MD
LG