Uko wahagera

Abasirikare b'Igihugu ca Nigeria, Barihojeje Amategeko y'Ukuja Gutera Umurwi Boko Haram


Ikarata ya Nigeria
Ikarata ya Nigeria

Umurwi w’abasirikare b’igihugu ca Nigeria, batangaje ko bihojeje amategeko y’ukuja mu gikorwa ca gisirikare, ku barwanyi b’umurwi Boko Haram, kubera batahawe ibirwanisho bikwiriye.

Abo basirikare bavuga kw’ivyo vyabaye, ku musi wa gatandatu, igihe abasirikare ba Brigade ya 21 y’ama Blinde, babwirwa gutera baja mu bice vya Gwoza na Daiwa, ibice bibiri vy’intara ya Borno, aho abarwanyi b’umurwi Boko Haram bakorera.

Umusirikare umwe, yatangaje k’uwo murwi w’abasirikare banse amategeko, igihe babwirwa kuja muri ivyo bice, badafise ibimodoka bibiri vya blinde bitwara abasirikare, vyari vyategekanijwe, mu ntango, kuri ico gikorwa ca gisirikare.

Ivyo, abo basirikare babitangarije abamenyeshamakuru, ku musi wa gatatu, mu gisagara ca Maiduguri, aho basavye kw’amazina yabo adatangazwa.

Mu vyo yatangarije Ijwi rya Amerika, ku musi wa gatatu, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu ca Nigeria, Chris Olukolade, yatangaje kw’atari azi ivyerekeye iyo ngingo y’abo basirikare, yamara yarahakanye amakuru avuga ko wari umugumuko, mu kuvuga kw’abasirikare b’igihugu ca Nigeria, bigenza neza, kandi ko bakunda igihugu, ku buryo badashobora kugira amakosa nkayo.

XS
SM
MD
LG