Uko wahagera

1350: Igitigiri c'Abantu bamaze Guhitanwa na Ebola


Dogiteri David Nabarro, ajejwe gukwirikirana ikiza ca Ebola muri O-N-U
Dogiteri David Nabarro, ajejwe gukwirikirana ikiza ca Ebola muri O-N-U

Ikiza ca Ebola, kigeramiye akarere ko muri Afrika yo mu burengero, cahitanye ubundi buzima bw’abantu ijana na batandatu, mu vyongereje igitigiri c’abamaze guhitanwa n’ico kiza, muri rusangi bagera ku bantu igihumbi n’amajana atatu na mirongo itanu.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, O-M-S, ryatangaje ivyo bihahuro bishasha, ku musi wa gatatu, mu gihe abategetsi mu gihugu ca Liberia, bategetse ikumirwa ry’abantu baba mu bice bibiri, biri ku nkengera z’umurwa mukuru, mu mwizero w’ukugabanya ikwiragira ry’ikiza ca Ebola.

Igipolisi cararashe insoro n’imyuka ibabaza mu maso, mu gice ca West Point, kugira gishwiragize abari mu myiyerekano, bariko batera amabuye, bari bashavujwe n’izibirwa ry’amabarabara yinjira, canke asohoka, mu bice babamwo.

Ivyabona bavuga kw'abantu bane, canke barenga, bakomeretse.

Mu gihugu ca Liberia, niho ibice mirongo icenda kw’ijana vy’abantu bashasha bahitanywe na Ebola, batangajwe n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, O-M-S.

Ishirahamwe O-M-S, ryatangaje kandi, abandi bantu bashasha amajana abiri na mirongo ibiri n’umwe bafise Ebola, mu vyatumye igitigiri c’abamaze kwandura Ebola, muri Liberia, Guinee, Nigeria, na Sierra Leone, baba gatoyi musi y’ibihumbi bibiri n’amajana atanu.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, prezida wa Liberia, Ellen Johnson Sirleaf, yavuzeko kwihoza impanuro, n’igabishwa bitangwa na Reta, biriko bituba ikiza ca Ebola ciyongera.

XS
SM
MD
LG