Uko wahagera

Itohoza Ryigenga Rirategekanijwe, mu Gisagara ca Ferguson


Umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Amerika, Eric Holder
Umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Amerika, Eric Holder

Umushikiranganji ajejwe ubutungane muri Amerika, Eric Holder, yaaremereye abanyagihugu bo mu gisagara ca Ferguson, mu ntara ya Missouri, itohoza ryigenga kw’iraswa ry’umukangara w’umwirabure, Michael Brown, ata kirwanisho yari yitwaje, ryagizwe n’umupolisi w’umuzungu.

Eric Holder, aza kuba ari, uno musi ku wa gatatu, mu gice kiri ku nkengera z’igisagara ca St. Louis, kubonana n’abayoboye abanyagihugu, abajejwe itohoza b’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, F-B-I, hamwe n’abategetsi baharanira uburenganzira bw’abanyagihugu.

Mu butumwa bwasohotse, mu kinyamakuru, St. Louis Post-Dispatch, Holder yatangaje kw’uburyo bwose bw’ubushikiranganji bujejwe ubutungane buriko burakoreshwa, ku vyerekeye itohoza.

Yatangaje yamara kw’uruhagarara n’akajagari bitegerezwa guhagarara, kw’imigumuko n’ugusahura, mu kwishura kw’iraswa rya, Michael Brown, bigeramira ubutungane.

Umupolisi w’umuzungu, Darren Wilson, yarashe, Michael Brown, yari afise imyaka cumi n’umunani, kw’italiki icenda z’ukwezi kw’umunani.

Isuzumwa ryagizwe ku kiziga ca Micheal Brown, vyerekanye ko yarashwe incuro zitandatu, harimwo incuro zibiri mu mutwe.

Uwuburanira umuryango wa Brown, avuga Michael Brown, yariko agerageza kwishikiriza igipolisi, igihe yaraswa.

Iraswa ryiwe vyatumye haba imyiyerekano ikomeye, n’ugusahura, mu gisagara ca Ferguson.

Igipolisi cahagaritse abantu mirongo irindwi n’umunani, ku musi wa mbere no ku musi wa kabiri, harimwo abamenyeshamakuru batari bake.

XS
SM
MD
LG