Uko wahagera

Igisirikare ca Amerika Carafashije Gufata Urugomero rwa Mosul


Isanamu y'urugomero rwa Mosul
Isanamu y'urugomero rwa Mosul

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje kw’igisirikare ca Amerika cafashije inteko z’igihugu ca Iraki n’inteko z’aba Kurde gusubira gufata urugomero rukomeye rw’umuyagankuba mu karere ka Mosul, mu buraruko bwa Iraki, rwari rwigaruriwe n’abarwanyi b’umurwi ISIS.

Mu vyo yatangarije mu biro vyiwe, Maison Blanche, ejo ku musi wa mbere, prezida Obama, yatangaje kw’iyo abarwanyi b’umurwi ISIS bagasenyura urwo rugomero, vyari gutuma haba umwuzurane ukomeye cane w’amazi mu buraruko bw’igihugu ca Iraki, mu vyari guhitana abantu ibihumbi n’ibihumbi.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zibona kw’intambwe zikomeye ziriko zirashikwako, mu gihugu ca Iraki, mu gikorwa c’ugutuza abagira iterabwoba, n’uguha ibirwansiho n’infashanyo inteko z’aba Kurde, n’inteko z’igihugu ca Iraki.

Prezida Obama, yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zizobandanya gushigikira Reta nshasha y’ubumwe y’igihugu ca Iraki, kandi ko azotuma haba urunani rw’amakungu, ku vyerekeye gufasha abanyagihugu bo muri Iraki.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, bwatangaje ko bwagize ibindi bitero vy’indege z’ingwano, cumi na bitanu, ku mui wa mbere, ku barwanyi b’umurwi w’aba Islamu, ISIS hafi y'urugomerorw'umuyagankuba rwo mu karere ka Mosull, mu vyasambuye ibindi birindiro vyabo, n’ibirwanisho vyabo.

Urugomero rw’umuyagankuba, rwo mu karere ka Mosul, rufitiye akamaro gakomeye cane, uburaruko bw’igihugu ca Iraki, mu gutanga umuyagankuba, n’ukuvomera igice kinini c’ako karere.

XS
SM
MD
LG