Uko wahagera

Inteko z'Igihugu ca Ukraine Zarinjiye mu Gisagara ca Luhansk


Ibimodoka vya blinde vy'igihugu ca Ukraine biriko birengana barriere mu buseruko bw'igihugu
Ibimodoka vya blinde vy'igihugu ca Ukraine biriko birengana barriere mu buseruko bw'igihugu

Abategetsi b’igihugu ca Ukraine batangaza ko bafashe, ku musi w’Imana, ibiro bikuru vy’igipolisi, mu gisagara ca Luhasnk ,inyuma y’ingwano ikomeye n’abashaka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine, bashigikiye igihugu c’Uburusiya.

Igisagara ca Luhansk, kiri mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, caranzwe n’ugutana mu mitwe gukomeye cane, mu ndwi zirangiye, hagati y’abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, n’inteko z’igihugu ca Ukraine.

Mu masaha ya kare yo ku musi w’Imana, abarwanya ubutegetsi bararashe indege y’ingwano y’igihugu ca Ukraine, hafi y’ico gice. Nta makuru yatangajwe kuboba barakomeretse, canke aboba bahasize agatwe.

Ivyabona batangaje kandi ko babonye ibimodoka vya gisirikare bitari bike, vy’abashigikiye Uburusiya bitwaye missile zirasa mu kirere, biriko vyinjira mu bice biri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi bwa Ukraine.

Ibiganiro hagati y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’Ubufransa, Ubudagi na Ukraine vyararangiye. musi w’Imana mu gisagara ca Berlin, ata ntambwe zikomeye zoba zashitsweko zitangajwe.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubudagi, Frank-Walter Steinmeier, yatangaje ko hari intambwe zashitsweko, yamara nta birenga aho yamenyesheje. Steinmeier yatangaje kw’abo bashikiranganji bazoshikiriza abategetsi b’ibihugu vyabo, ivyavuye muri ivyo biganiro, mu gihe bariko bihweza nimba bogirisha ibindi biganiro.

XS
SM
MD
LG