Uko wahagera

Amerika Yarongereje Ibitero vy'Indege z'Ingwano, Ku Barwanyi Muri Iraki


Inteko z'aba Kurde hafi y'urugomero rw'umuyagankuba, mu karere ke Mosul
Inteko z'aba Kurde hafi y'urugomero rw'umuyagankuba, mu karere ke Mosul

Presidence ya Amerika, yamenyesheje ko prezida, Barack Obama, yaguye ibitero vy’indege z’ingwano za Amerika, mu buraruko bw’igihugu ca Iraki, mu gikorwa c’ugufasha aba Kurdes, gusubira gufata urugomero rw’umuyangankuba, rwo mu karre ka Mosul, rwari rwigaruriwe n’abarwanyi b’umurwi ISIS.

Abategetsi bo muri presidence ya Amerika, bavuga kw'iyo ngingo ijana n’ivyo prezida Obama yiyemeje, vy’ugukingira abanya Amerika, n’inyungu za Amerika, mu gihugu ca Iraki.

Batangaza ko kudasubira kwigarurira urugomero rw’umuyagankuba rwo mu karerere ka Mosul, bishobora kugeramira abaserukira Amerika, n’ibibanza vya Amerika, mu karere ka Mosul.

Amakuru atagazwa amenyesha kw’abarwanyi b’aba Kurde, basubiye gufata igice gikomeye cane c’urugomero rw’umuyangankuba, mu karere kw Mosul, babifashijwemwo n’ibitero vy’indege z’ingwano za Amerika.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje ko bwagize ibitero vy’indege z’ingwano, incuro mirongo ibiri na zitatu, kuva ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije, ku modoka z’abarwanyi b’umurwi ISIS, no kuri barriere yabo.

Urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Tigre, rutanga umuyagankuba n’ukuvomera, igice kinini co mu buraruko bw’igihugu ca Iraki

XS
SM
MD
LG