Uko wahagera

Ibisigarira vy'Indege Itwara Abantu y'Igihugu ca Algeria Vyaratowe


Algeria kw'ikarata
Algeria kw'ikarata

Prezida w’igihugu ca Mali, Ibrahim Boubakar Keita, avuga kw’abajejwe igikorwa c’ukurondera babonye ibisigarira vy’indege itwara abantu y’igihugu ca Algeria yazimiye, igihe yari ivuye mu gihugu ca Burkina Faso, igana igihugu ca Algeria.

Ibrahim Boubacar Keita, yatangaje kw’ibisigarira vy’iyo ndege vyatowe, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Mali, hagati y’intara zo mu bugararwa za Aguelhoc na Kidal. Ivyo yabitangaje, mu nama yabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali, Bamako.

Nta makuru yatangajwe buno nyene, ku bashobora kuba bararokotse. Abategetsi b’igihugu ca Mali bavuga kw’abantu ijana na cumi na batandatu, bari muri iyo ndege itwara abantu y’igihugu ca Algeria.

Indege z’ingwano z’igihugu c’Ubufransa, ziri mu karere ko muri Afrika yo mu burengero zaragize uruhara, mu gikorwa c’ukurondera aboba bararokotse.

Imbere yaho, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Ubufransa, Laurent Fabius, yabwiye abamenyeshamakuru kw’iyo ndege itwara abantu y’igihugu ca Algeria, ishobora kuba yagize isanganya.

Itororokanirizo ry’amakuru rya Reta y’igihugu ca Algeria, rimenyesha kw’iyo ndege yabwonywe ubwa nyuma, kuri radar, igihe yariko irengana mu kirere, kiri hejuru y’igisagara ca Gao, inyuma yuko ihagarutse ivuye ku murwa mukuru w’igihugu ca Burkina Faso, Ouagadougou.

Hari amakuru avuga ko hari ibihuhusi, muri ako karere.

.

XS
SM
MD
LG