Uko wahagera

Ishule rya O-N-U, Ryarasambuwe n'Igisasi, mu Ntara ya Gaza.


Abanya Palestina bariko barondera abantu boba bari mu bisigarira vy'inzu yasenyuwe na bombe yatewe n'indege y'ingwano y'igihugu ca Israel.
Abanya Palestina bariko barondera abantu boba bari mu bisigarira vy'inzu yasenyuwe na bombe yatewe n'indege y'ingwano y'igihugu ca Israel.

Abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, barerekanye ko batanezerewe, inyuma y’igisa n’igisasi c’igihugu ca Israel, casambuye ishule iyobowe n’ishirahamwe mpuzamakungu, mu ntara ya Gaza ikoreshwa nk’ubuhunguro ,ku bwicanyi buruko bubera mu ntara ya Gaza. Abantu cumi na batanu barishwe, harimwo abasivile, n’abakozi b’ishirahamwe O-N-U.

Umunyemabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon, avuga ko yaguye mu gahundwe. Abategetsi b’ishirahamwe O-N-U ntibarashobora gusuzuma kw'ari igisasi ca Israel casambuye iryo shule.

Igisirikare c’igihugu ca Israel kiremera kw’inteko zaco zariko zirwanya abarwanyi b’umurwi Hamas hafi y’iryo shule. Yamara abategetsi b’igihugu ca Israel ntibavuze kwa’ri kimwe mu bisasi vyabo casenyuye iryo shule.

Bagirije abarwanyi b’umurwi Hamas, ko bakoresha abapfasoni n’abana nk’inkinzo.

Umuvugizi w’ishirahamwe O-N-U, Chris Guness, wo mu biro biha infashanyo abanya Palestina, yatangaje kw’abasivile bababaye bihagije.

Umuvuguzi w’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ye Amerika, John Kerry, avuga kw’igitero kw’ishule riyobowe n’ishirahamwe O-N-U, vyerekana kw’ingwano ikwiye guhagarara.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, aza kuguma i Cairo, gushika uno musi ku wa gatanu, mu kigoro k’ukugerageza gutuma haba amasezerano y’uguhagarika ingwano, hagati ya Israel n’umurwi Hamas.

XS
SM
MD
LG