Uko wahagera

Ibiganiro ku Buryo bw'Uguhagarika Uruhagarara, mu Buseruko bwa Ukraine Vyarabaye


Ukraine, kw'ikarata
Ukraine, kw'ikarata
Abategetsi b’igihugu ca Ukraine baraganiye uburyo bw’uguhagarika uruhagarara rwa politike ruri, mu gihugu ca Ukraine, mu gihe urwego rwa Reta rujejwe amatora rwagabishije kw’abashaka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine, bashigikiye Uburusiya, mu bice vyo mu buseruko bwa Ukraine bashobora guhungabanya amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe, mu ndwi iza.

Mu gisagara ca Kharkiv, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, muri ico gihe, abategetsi ba Reta n’abategetsi mu ntara baragiranye incuro ya kabiri y’ibiganiro, ku musi wa gatandatu, yamara ntavyatangajwe, ku ntambwe izarizo zose zoba zarashsitsweko.

Imirwi y’abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bagerageje gufata ibibanza vya Reta ya Ukraine, mu buseruko kw’igihugu, ntibatumiwe muri ivyo biganiro.

Ku murwa mukuru, Kiev, Urwego rujejwe amatora rwasavye Reta nfatakibanza gufata ingingo zigenewe kubona kw’umutekano wubahirijwe, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, mu kuvuga kw’uruhagarara rushobora gutuma abantu bagera ku miliyoni zibiri badashobora gutora, mu matora y’umukuru w’igihugu mushasha azoba kw’italiki 25 z’ukwezi kwa gatanu.

Urwo rwego rumenyesha ko rutashoboye gutegura amatora, mu bice bitari bike mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, kubera abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bagabishije gufata ingingo zitarekuriwe n’amategeko. Imirwi y’abarwanyi bashaka kwiyonkora kuri Ukraine yarafashe ibisagara bitari bike, kuva mu ntango z’ukwezi kwa kane.
XS
SM
MD
LG