Uko wahagera

Amerika Irashigikiye Utwigoro Tuyobowe n'Abanyafrika

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika,John Kerry ari mu nama n'umushikirangaji ajejwe imigenderanire wa Ethiopia,Tedros Adhanom , umushikiranganji ajejwew imigenderanire wa Kenya, Amina Mohamed n'umushikiranganji ajejwew imigenderanire wa Uganda, Sam Kutesa i Addis Ababa kw'italiki imwe y'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'2014

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishigikiye utwigoro tuyobowe n’Abanyafrika, tw’ukurwanya intambara ziha inkumbi cane, mu karere ka Afrika.

Yatangaje ku igenekerezo rya mbere ry'ukwezi kwa gatanu umwaka wa 2014, mu rugendo rwiwe muri Ethiopia, ko hari ibimenyetso kw’ibihugu bitari bike bishobora kuja mu nzira y’ubwicanyi.

John Kerry, avuga ko bigaragara kw’ubwicanyi butagira uko buvurwa, muri Centrafrique, iyicwa n’impaka ry’abasivile ku mpande zose, mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, vyerekana ukwihuta kw’igikorwa bategerezwa gukorera hamwe.

John Kerry, yaragendeye icicaro c’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba, mu biganiro n’abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, ku vyerekeye igihugu ca Centrafrique, aho aba Islamu babandanya guhunga ingo zabo, kubera ibitero vy’abarwanyi b’aba Kristu.

Mu gitondo co ku igenerekezo rya mbere, ukwezikwa gatanu muri 2014, John Kerry, yabonanye n’abashikiranganji bajejwe wimigenedranire b’ibihugu vya Ethiopia, Uganda na Kenya, kugira baganire ukugene botuma impande zirwana, muri Sudani yo mu bumanuko, zihagarika ingwano imezi n'amezi yihaye inkumbi.
.
XS
SM
MD
LG