Uko wahagera

Uburusiya Bwagirizwa Gushaka Gutangura Ingwano ya Gatatu y'Isi Yose


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Ukraine, Arseny Yatseniuk
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Ukraine, Arseny Yatseniuk
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ukraine, Arseniy Yatsenyuk, yagirije igihugu c’Uburusiya ko gishaka kwigarurira igihugu ca Ukraine, gikoresheje uburyo bwa gisirikare na politike,, mu gihe ivyo bihugu bibiri biriko bishira inteko zavyo, hafi y’urubihe hagati yavyo.

Yatsenyuk, yagabishije ku musi wa gatanu, kw’ingingo z’igihugu c’Uburusiya zishobora gutuma haba ingwano, mu karere k’I Bulaya. Yavuze, mu nama ya Reta yiwe y’infatakibanza, kw’Uburusiya bushaka gutangura ingwano ya gatatu y’isi yose.

Ivyatangajwe na Yatsenyuk, vyaje mu gihe hari amakuru y’uruhagarara rushasha, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, aho abarwanyi bashigikiye Uburusiya babandanya kwigarurira inyubakwa za Reta, mu bisagara bitari bike, no mu micungararo y’ivyo bisagara.

Indege ya kajugujugu ya gisirikare y’igihugu ca Ukraine yaturitse, ku musi wa gatanu, iri ku kibuga c’indege, mw’ikambi y’igisirikare, hafi y’igisagara ca Kramatorsk, mu buseruko bwa Ukraine.

Bamwe mu bategetsi b’igihugu ca Ukraine, batangaza kw’iyo ndege yaturikijwe na grenade yarashwe n’abarwanyi bashigikiye Uburusiya, mu gihe abandi bavuga ko yarashwe n’umuhinga, mu kurusa yihishije.

Umushikiranganji ajejwe wimigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yiyamirije ku musi wa gatanu, igikorwa cerekeye umutekano, c’abategetsi b’igihugu ca Ukraine, kijejwe gutuza abarwanyi bashigikiye Uburusiya, mu bice bafashe, mu kuvuga kw’ari icaha c’amaraso.
XS
SM
MD
LG