Uko wahagera

Prezida Obama Avuga kw’Ata Migambi Ihari y’Ugukoresha Inguvu, Muri Ukraine


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida Obama, amenyesha ko yemera ko demokrasi n’amategeko bizotsinda muri Ukraine.

Ivyo prezida Obama, yabitangaje ku musi wa gatatu i Bruxelles, inyuma y’inama n’abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, n’ishirahamwe O-T-A-N.

Yatangaje kw’ibihugu vy’i Bulaya, na Amerika ata migambi bifise y’ugukura Uburusiya ku nguvu, mu ntara ya Crimee.

Avuga ko niyo ibihugu vy’I Bulaya na Amerika vyaguma bivuga rumwe, ngo hazogera igihe Uburusiya buzobona ko budashobora gukoresha inguvu, kugira bushike ku kigambi yabwo.

Imbere yaho, prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje kw’amakungu avuga rumwe, ku kwiyemeza gucira ivomo igihugu c’Uburusiya, kubera cigaruriye intara ya Crimee, kandi kw’ivyo vyerekana kw’akarere k’I Bulaya gakeneye gutora ahandi gashobora kuronka amasoko ntanganguvu.

Ivyo Prezida Obama, yabitangaje, ku wa gatatu I Bruxelles, inyuma y’inama n’abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya kuri kazoza k’ibikenewe n’akarere k’i Bulaya ku, bijanye n’amasosko ntanganguvu, hamwe n’ibibazo vyo mu gihugu ca Ukraine.

Yavuze kw’igisata c’amasoko ntanganguvu, mu Burusiya, gishobora kuba arico Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’i Bulaya, vyimirije gufatira ibihano mu vy’ubutunzi.
XS
SM
MD
LG