Uko wahagera

Libya Cagabishije Ko Kizotera Bombe Ubwato Bushaka Kujabukana Ibitoro Butabifitiye Uruhusha


Ubwato bufise ibendera ryo mu gihugu ca korea ya ruguru, buri ku kivuko ca Es Sider, hacishwa ibidandazwa bishorwa mu mahanga, ku musi wa gatandatu, itariki umunani y'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'2014.
Ubwato bufise ibendera ryo mu gihugu ca korea ya ruguru, buri ku kivuko ca Es Sider, hacishwa ibidandazwa bishorwa mu mahanga, ku musi wa gatandatu, itariki umunani y'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'2014.

Abasirikare b’igihugu ca Libya bagwanira mu mazi hamwe n’abagwanyi bashigikiye reta ya Libya, bararungitse ubwato ku kivuko kiri mu minwe y’uwundi murwi w’abarwanyi kugira ngo babuze ubwato bufise idarapo ryo mu gihugu ca Korea ya ruguru gushora ibitero, ata burenganzira bwa reta baronse.

Reta ya Libya yarasohoye amategeko abuza imirwi y’abagwanyi kugurisha ibitoro ku bihugu vyo hanze.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Libya Ali Zeidan yaragabishije kw’azotera bombe ubwo bwato bushaka gutwara ivyo bitoro ngo mu gihe butokwiriza amategeko ya reta ya Libya.

Yavuze ko mu gihe yotegerezwa gufata iyo ngingo yo gutera bombe ubwo bwato, hoba inkwiririza mbi cane ku vyerekeye ibidukikije.

Abantu bitwaje ibigwanisho barahaye amategeko abakozi bakorera reta ya Libya yo guha ikibanza ubwo bwato buhagararamwo, ku musi wa gatandatu. Abo bagwanyi baragabishije reta ya Libya, ngo ntihirahire ngo ibuze ubwo bwato gutwara ivyo bitoro.
XS
SM
MD
LG