Uko wahagera

Icabona Catangaje ko Oscar Pistorius Yarashe mu Kibanza c’Uburiro


Oscar Pistorius
Oscar Pistorius
Icabona mu rubanza rwa Oscar Pistorius, yagirizwa ko yagandaguye umwigeme bakundana, Reeva Steenkamp, avuga ko Pistorius yarashe mu buriro, asaba uwundi muntu kuvyiyitirira.

Umugenzi wa wa Pistorius, Kevin Lerena, yavuze kw’ivyabaye muri ubwo buriro, vyabereye mu gisagara ca Johannesburg, mu kwezi kwa mbere, mu mwaka w’2013, ukwezi kumwe imbere y’urupfu rwa Reeva Steenkamp.

Kevin Lerena avuga ko we na Pistorius bariko bafungura, hamwe n’abandi bagenzi babiri, igihe umwe muribo, Darren Fresco, yaha inkoho Pistorius ayicishije musi y’imeza.

Lerena avuga kw’urusoro rwarashwe inyuma yaho, ryaciye ku kirenge ciwe, mu kuvuga ko Pistorius yasavye imbabazi ashimitse. Amenyesha ko Pistorius yasavye Darren Fresco, kuvuga kw'ariwe yarashe urwo rusoro.

Pistorius yaremeye ko yarashe umwigeme bakundana, Reeva Steenkamp, yamara ko yibajije ko yari arashe umuntu atazwi, yari yinjiye mu nzu barimwo.

Abashiskirizamanza bavuga ko Pistorius yishe Steenkamp, inyuma yuko bateranye amajambo.

Ku musi wa mbere, Pistorius yarahakanye ivyaha vy’ubwicanyi yagirizwa.

Hamwe yokwagira n’icaha cuko yagandaguye n’impaka, Reeva Steekamp, yocirwa gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.
XS
SM
MD
LG