Uko wahagera

Mahlab Yagenywe Kuba Umushikiranganji Wa Mbere Wa Misiri


 Ibrahim Mahlab yahora ar'umushikiraganji ajejwe uburaro niwe yagenywe mu kibanza c'umushikiranganji wa mbere
Ibrahim Mahlab yahora ar'umushikiraganji ajejwe uburaro niwe yagenywe mu kibanza c'umushikiranganji wa mbere

Mu gihugu ca Misiri, umukuru w’inama nshingamateka yaheruka kuva mur’ayo mabanga, yagenywe mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere mushasha, inyuma y’aho reta y’imfatakibanza, itangiye imihoho, bitari vyitezwe.

President w’imfatakibanza, Adly Mansour yagenye Ibrahim Mahlab uyu musi ku wa kabiri kugira ashinge reta nshasha. Mahlab yahora ar’umukuru w’ibiro vya reta bijwe kwubaka, ku ntwaro ya president Hosni Mubarack, yakuwe ku butegetsi. Yahora kandi ar’ umushikiranganji ajejwe uburaro, mur’iyo reta y’imfatakibanza yatanze imihoho ejo ku musi wa mbere.

Mahlab yatangaje kw’azoba yatunganije reta nshasha mu misi mikeyi. Yatangaje kandi kw’agiye gutuza iterabwoba mu gihugu cose kugira ngo amahoro n’umutekano bisasagare mu gihugu cose.

Itunganywa rya reta nshasha, ngo rifise umugambi wo guha umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Abdel Fattah el- Sissi, akaryo ko kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu
XS
SM
MD
LG