Uko wahagera

Amerika Yasavye Uganda Gufuta Itegeko Rigeramira Abakundana n'Abo Basangiye Ibitsina


Prezida wa Uganda,Yoweri Museveni sariko atera igikumu kw'itegeko rigeramira abakundana n'abo basangiye ibitsina
Prezida wa Uganda,Yoweri Museveni sariko atera igikumu kw'itegeko rigeramira abakundana n'abo basangiye ibitsina
Itangazo ry’ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, vyamenyesheje ko prezida Museveni yasubije igihugu ca Uganda inyuma, mu gutera igikumu kuri iryo tegeko, avugako rigeramiye abakundana n’abo basangiye ibitsina muri Uganda, kandi ko ridatanga isura nziza ku nyifato y’igihugu ca Uganda, ku bijanye n’agateka k’ikiremwa muntu.

Ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, bimenyesha kw’iryo tegeko rizogeramira ivyerekeye amagara y’abantu, harimwo utwigoro tw’ukurwanya indwara ya sida.

Umuvuguzi wa Departement ya Reta ya Amerika, Jen Psaki, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zisubira kwihweza imigenderanire yazo n’igihugu ca Uganda, bifatiye kw’itegeko rishasha rigeramira abakundana n’abo basangiye ibitsina:

Umuvugizi wa Departement ya Reta ya Amerika, Jen Psaki, avuko muri iki gihe iryo tegeko ryateweko igikumu, batanguye gusubira kwihweza imigenderanire yabo na Reta y’igihugu ca Uganda, kugira babone kw’imigambi yabo yose bari biyemeje, harimwo imigambi yerekeye gutanga infashanyo, yubahiriza imigambi yabo irwanya gukumira, kandi iranga imico n’ivviyumviro vyabo.

Prezida wa Uganda,. Yoweri Museveni, yarashigikiye iryo tegeko rigeramira abakundana basangiye ibitsina, mu birori vy’ugutera igikumu kuri iryo tegeko, mu kwemeza kw’ivyatohojwe vyerekana kw’inyifato y’ugukundana n’uwo muba musangiye igitsina, ari ikintu umuntu aba yahisemwo kuba, kw’atari ikintu kiba kiri muriwe aba yaravukanye.
XS
SM
MD
LG