Uko wahagera

Ubusahuzi Mu Gihugu Ca Republika Ya Centre Afrika Ku Musi Wo Kurahira


Catherine Samba-Panza, yahoze ari umukuru w'igisagara ca Bangui, ariko arigina itorwa ryiwe.mu kibanza ca president w'imfatakibanza
Catherine Samba-Panza, yahoze ari umukuru w'igisagara ca Bangui, ariko arigina itorwa ryiwe.mu kibanza ca president w'imfatakibanza

Mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika, abantu bavyibonye bavuga ko ku murwa mukuru Bangui habaye ubusahuzi bukomeye, igihe reta y’imfatakibanza yariko irashikira amabanga yayo.

Umumenyeshamakuru Nick Long ari ku murwa mukuru Bangui, yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika kw’abantu ibihumbi n’ibihumbi bihereje ibikorwa vyo gusahura mu mazu yo muri quartier yitwa PK 13, ahanini ibamwo abaislamu.

Avuga kw’abasirikare b’abanyarwanda bacungera umutekano birukanye abo basahuzi, yamara ngo ubusahuzi bwaciye busubira gutangura, igihe abasirikare bacungera umutekano baja mu bikorwa vyo gucungera umutekano mu kibanza cariko kiberamwo ibirori vyo kurahira.

President mushasha w’imfatakibanza, Catherine Samba-Panza, yarateye akamo gasaba ko hoba agahengwe mur’iyo misi y’imbere y’ibihe vyo kurahira, vyabaye ejo ku musi wa kane.

Uyo mutegetsi yahoze ari umukuru w’igisagara ca Bangui, arahanzwe n’ingorane zitari nke mur’ico gihugu kimaze ikiringo kirenga umwaka kiri mu ruhagarara rwa poltike hamwe n’ingwano ifatiye ku madini.

Ishirahamwe mpuzamakungu rivuga kw’abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bamaze gusiga ubuzima mur’iyo ngwano, mu gihe abarenga umuliyoni bataye ingo zabo.
XS
SM
MD
LG