Uko wahagera

Abakoraniye I Devos Baragabisha Kw’Ubutunzi Bw’Ibulaya Butifashe Neza


Umukuru w'ikignga mpuzamakungu FMI, Christine Lagarde
Umukuru w'ikignga mpuzamakungu FMI, Christine Lagarde

Abategetsi barongoye amashirahamwe akomeye ajejwe ubutunzi, bagabishije kw’ubutunzi bwo mu bihugu vy’Ibulaya buriko burisununura gatoyi, bukigoyagoya.

Umutegetsi umwe avuga kw’intara y’ibulaya yose, ikwiye kwita igihugu kikiriko kiriteza imbere.

Amajambo yashikirijwe n’abategetsi batandukanye, igihe c’inama yerekeye ubutunzi kw’isi yabereye I Davos mu gihugu c’Ubusuisse, avuga kw’ubushomeri buri mu bihugu vy’ibulaya, cane cane mu bakiri bato, bukiri hejuru cane kandi n’ubutunzi butiyongera bimwe biboneka.

Umukuru w’ishirahamwe rikomeye ryo mu gihugu c ‘Ubufaransa ryita TOTAL, Christophe De Margerie, yabwiye abategetsi bo kw’isi bakoraniye mur’iyo nama; abakuru b’amashirahamwe yerekeye ubutunzi hamwe n’abahinga banonosoye ivyerekeye ubutunzi, ko badakwiye gufata amajambo ariko aratangaza nk’abagasomborotso, ariko ngo wewe abona kw’Ubulaya bwose bukwiye gusubira guhabwa izina no gushirwa mu murwi mushasha, maze bukitwa igihugu kikiriko kiraduga mu vyerekeye ubutunzi.

Umutegetsi arongeye ishirahamwe ry’amabanki yo mu gihugu c’Ubusuisse ryitwa UBS nawe, Axel Weber, yavuze kw’ata kintu na kimwe abantu bakwiye kwishimira ku vyerekeye ubutunzi ngo bushobora kuba bwisununuye gatoyi mw’ishirahamwe ry’ibulaya rigizwe n’ibihugu 18.

Yavuze kw’amatora yimirije mu bihugu vy’ibulaya ashobora kubamwo umugumuko w’abanyagihugu batora, kandi kw’amabanki amwamwe, ashobora kudashikana ibintu vyose bisabwa kugira ngo yitwe kw’araBanki atageramiwe n’ubukene.
XS
SM
MD
LG