Abategetsi b’igihugu vyo muri Afrika baraza kugirisha inama uno musi ku wa kane, kugira baganire ivyerekeye igihugu ca Centrafrique, aho ingwano kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri yahitanye abantu barenga igihumbi.
Ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, CEEAC, ryatumyeko iyo nama, mu gihugu gihana urubibe na Centrafrique ca Chad.
Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru w’igihugu ca Centrafrique, Adrien Poussou, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igifransa ko prezida Michel Djotodia yasavye iyo nama kugira baganire guhindura inteko zaje gutabara muri Centrafrique, kugira zicike inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U zijejwe gucungera umutekano.
Adrien Poussou, yatangaje kandi ko prezida Djotodia azocira ku mayange abazoba bitavye iyo nama ku kugene ibintu vyifashe, ku bijanye n’umutekano, ku murwa mukuru wa Centrafrique, Bangui.
Poussou, yamenyesheje kw’ivyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu c’Ubufransa, vyuko abazoba bitavye iyo nama bazoganira, ku vyerekeye nimba Djotodia, yoguma ku butegetsi atari ivy’ukuri.
.