Uko wahagera

Imbeho y'Igikonyozi Yarageramiye Ibice Bitari Bike vya Amerika


미얀마 렛파단에서 새 교육법 반대 시위에 참가한 학생이 시위진압경찰의 구타를 피해 달아나고 있다.
미얀마 렛파단에서 새 교육법 반대 시위에 참가한 학생이 시위진압경찰의 구타를 피해 달아나고 있다.
Agahengwe kari mu nzira, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aho hamaze imisi itari mike y'imbeho y'igikonyozi.

Vyitezweko temperatures ziduga hafi y’urugero rusanzwe, mu bice vyo hagati muri Amerika, vyegereye uburengero bw’igihugu, vyageramiwe n’iyo mbeho y'igikonyozi, ejo ku musi wa kane, mu gihe ibihe vyiza vyitezwe, mu karere ko mu buseruko bw’igihugu mu mpera z’iyi ndwi.

Temperatures mu bice vyose, canke ibice bimwe bimwe vy’intara mirongo itanu zigize Amerika, vyari mu bukanye bukomeye cane, ejo ku musi wa kabiri, no mu ntara nka Hawai.

Iyo mbeho y'igikonyozi, yatanguriye mu bisagara biri hagati muri Amerika, nka Chicago na Minnneapolis, yateye ikwiragira mu buseruko bw’igihugu, ejo ku musi wa kabiri.

Iyo mbeho y'igikonyozi yarashikiye ibisagara vya Washington, New York, Philadelphia na Boston, mu gihe umuyaga watumye iyo mbeho y'igikonyozi yiyongera kurushiriza.

Iyo mbeho y'igikonyozi, yatumye amashule yugara, butuma amatereri ahagarika imirimo yayo, mu gihe indege zatashoboye kuguruka. Abantu batanu canke barenga bavurwako bapfuye, mu gihugu cose.
XS
SM
MD
LG