Uko wahagera

Ibiganiro vy’Mahoro Kuri Sudani yo mu Bumanuko, Vyaratanguye i Addis Abeba


Abaserukira abarwanya ubutegetsi bw Sudani yo mu bumanuko mu birori vy'ukwugurura ibiganiro vy'amahoro i Addis Abeba muri Ethiopia
Abaserukira abarwanya ubutegetsi bw Sudani yo mu bumanuko mu birori vy'ukwugurura ibiganiro vy'amahoro i Addis Abeba muri Ethiopia
Impande ziriko zigwana mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, zaratanguye ibiganiro vy’amahoro, mu gihugu ca Ethiopia, mu gihe ingwano ibandanya mu ntara zibiri za Sudani yo mu bumanuko.

Vyari bitegekanijwe kw’impande zigwana zihura, amaso mu yandi, i Addis Abeba, ejo ku musi w’Imana, inyuma yuko ibiganiro bisibishijwe imisi itari mike.

Yamara ukutumvikana ku bibazo vy’ukwihweza, vyatumye ibiganziro nyakuri bitaba.

Vyari vyitezwe kw’abaserukira prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, na Riek Machar, yahoze ari icegera ca prezida baganira ivyerekeye guhagarika ingwano, n’ibisabwa n’abarwanya ubutegetsi, vyuko abapfungiwe ivya politike borekurwa.

Prezida w’igihugu ca Sudani, Omara al-Bashir, aritezwe ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko Juba, uno musi ku wa mbere, mu biganiro na prezida Slva Kiir, ku ruhagarara ruri muri Sudani yo mu bumanuko.

Secreteri wa Department ya Reta ya Amerika, John Kerry, yatangaje, ejo ku musi w’Imana, ko Reta ya Amerika izoshigkkira abarondera amahoro, yamara kw’izokorana n’amakungu, mu kuremera abakoresha inguvu, kugira bashike ku migambi yabo.

Ingwano yarabandanije muri Sudani yo mu bumanuko, ejo ku musi w’Imana, mu gihe inteko za Reta zabandanije kugerageza gusubira kwigarurira igisagara ca Bor, kiri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi.
XS
SM
MD
LG