Uko wahagera

Igisirikare ca Reta ya Sudani yo mu bumanuko, Carasubiye Kwigarurira Umurwa Mukuru w’Intara ya Jonglei


Abanyagihugu bakoraniye mw'ikambi mu kibanza c'ishirahamwe O-N-U mu gisagara ca Juba
Abanyagihugu bakoraniye mw'ikambi mu kibanza c'ishirahamwe O-N-U mu gisagara ca Juba
Reta y’igihugu ca Sudani, imenyesha kw’igisirikare cayo casubiye kwigarurira umwe mu mirwa mikuru y’intara zafashwe n’abasirikare bagumutse mu ndwi iheze.

Reta ya Soudani yo mu bumanuko yatangaje, mu butumwa kuri Twitter, kw’inteko zayo zasubiye kwigaruira igisagara ca Bor, umurwa mukuru w’intara ya Jonglei, ko muri iki gihe ziriko zituza abarwanya ubutegetsi ba nyuma, muri ico gisagara.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zarungitse inteko z’abamarine ijana na mirongo itanu, mu gihugu ca Djibouti, kwishura hamwe vyokenegwa, ku ruhagarara ruri mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko.

Umuvugizi w’ibiro vy’igisirikare ca Amerika, bikorera mu karere ka Afrika, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’abamarine bokoreshwa mu gikorwa c’ugufasha gukura Abanyamerika, muri Sudani yo mu bumanuko, n’ugukingira inyubakwa za Amerika, muri ico gihugu.

Ingwano hagati y’abashigikiye prezida Salva Kiir, n’uwahoze ari icegera ciwe, Riek Machar, yadutse kw’italiki cumi na zitanu, z’ukwezi kw’icumi na kabiri.

Ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, rimenyesha kw’ingwano yakuye mu vyabo, abantu barenga ibihumbi mirongo umunani.

Bitegekanijwe kw’urwego rw’ishirahamwe O-N-U, rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, rwemeza ingingo igenewe kurungika izindi nteko zijejwe gucungera umutekano ibihumbi bitanu n’amajana atanu, muri Sudani yo mu bumanuko.
XS
SM
MD
LG