Uko wahagera

Mohamed Morsi Azorenguka muri Sentare, ku Bindi Vyaha Yagirizwa


Umupfasoni afise isanamu ya Mohamwed Morsi yahoze ari prezida wa Misiri
Umupfasoni afise isanamu ya Mohamwed Morsi yahoze ari prezida wa Misiri
Abashikirizamanza bo mu gihugu ca Misiri batangaje ko Mohamed Morsi, yakuwe ku butegetsi azocirwa urubanza ku bindi vyaha yagirizwa.

Ivyo vyaha bishasha vyashikirijwe, ejo ku musi wa gatandatu. Bongeye kandi bavuga bavuga abanywanyi b’umugambwe waziririjwe, Muslim Borotherhood barenga ijana, bagirizwa ku batorotse ibohero, mu mwaka w’2010, kandi ko bishe abapolisi, mu mugumuko wakuye ku butegetsi, Hosni Mubarak, yabaye prezida w’igihugu ca Misiri, mu kiringo kirekire, ushira Morsi ku butegetsi.

Benhsi muri abo bantu bagirizwa, bavurwa kw’ari abanywanyi b’umurwi w’abanya Palestina, Hamas, umurwi Hezbollah, ukorera mu gihugu ca Libani, n’inteko zijejwe gukingira ubutegetsi, mu gihugu ca Irani.

Italiki yerekeye urubanza rwabo ntirashirwaho.

Mohamed Morsi, n’abandi banywanyi bakomeye b’umurwi, Moslim Brotherhood, basanzwe bariko bacirwa urubanza ku vyo bagirizwa, ko bakokeje igandagurwa ry’abatavuga rumwe na Reta, bari mu myiyerekano, igihe Morsi yari ku butegetsi.

Morsi, yaraserutse muri sentare, mu kwezi guheze mu bwabaye ubwa mbere guhangana n’ivyo vyaha.
.
XS
SM
MD
LG