Uko wahagera

Inama Nshingamateka ya Uganda Yaratoye Itigeko Rihana Abakundana n’Abo Basangiye Ibitsina


David Bahati, umushinganateka yashigikiye itegeko rihana abakundana n'abo basangiye ibitsina muri Uganda
David Bahati, umushinganateka yashigikiye itegeko rihana abakundana n'abo basangiye ibitsina muri Uganda
Inama nshingamateka y’igihugu ca Uganda yaratoye itegeko rizotuma bimwe mu bikorwa vy’abakundana n’abo basangiye ibitsina bihanishwa gupfungwa zero.

Iryo tegeko ryari ryiyamirijwe imbere yaho, n’amashirahamwe aharanira uburenganzira bw’ikiremwa muntu n’ama Reta y’ibihugu vy’i Bulaya na Amerika, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kubera iryo tegeko ryarimwo igihano c’ugupfa.

Itegeko ryatowew ejo ku musi wa gatanu ntiririmwo igihano c’ugupfa yamara ritegekanya gupfungwa zero, ku wariwe wese yagiwe n’ivyo iryo tegeko rivuga kw’ari ibikorwa bimwe bimwe vy’abakundana, n’abo basangiye ibitsina.

Umutegetsi wo mw’ishirahamwe, riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, Maria Burnett, yatangaje kw’iryo tegeko rishasha rikigayitse, naho hari bimwe bimwe vyahinduwe muriryo.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, naryo nyene ryaranebaguye iryo tegeko, mu kuvuga ko rikumira.

Iryo tegeko ritegerezwa guterwa kw’igikumu na prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, kugira rije mu ngiro. Umwe mu bashikirije integuro y’iryo tegeko, umushingamateka, David Bahati yavuze kw’abashingamateka berekanye ubutwari, mu gutora iryo tegeko.
XS
SM
MD
LG