Uko wahagera

Ubwongereza Bwarakuye Abakozi Babwo, Muri Sudani yo mu Bumanuko Kubera Ingwano


Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Slva Kiir ari mu biro vyiwe, ku murwa mukuru, Juba
Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Slva Kiir ari mu biro vyiwe, ku murwa mukuru, Juba
Igihugu c’Ubwongereza catangaje ko cakuye bamwe mu bakozi baco, muri Ambassade mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, inyuma y’ugutana mu mitwe muvyo Reta ya Sudani yo mu bumanuko ivuga, kw’ari coup d’etat yageragejwe, kwakwiragiye mu bice biri hanze y’umurwa mukuru, Juba.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rivuga kw’ingwano imaze imisi, muri Sudani yo mu bumanuko, imaze guhitana abantu bagera ku majana atanu.

Ibiro bijejwe imigenderanire vy’Ubwongereza, vyamenyesheje ko Ambassade y’Ubwongereza, ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba, bizoguma vyuguruye, mu gihe bamwe bmu bakozi b’iyo Ambassade babaye baravanwa, ku murwa mukuru Juba.

Ibiro vy’ishirahamwe O-N-U, muri Sudani yo mu bumanuko, vyatangaje kw’ingwano ikomeye yabereye, mu gisagara ca Bor. Ibiro vy’ishirahamwe O-N-U vyatangaje kw’abasivile barenga igihumbi bagungiye, mu bibanza vyayo, mu gisagara ca Bor, hafi y’ibilometero ijana na mirongo itanu, mu buraruko bw’umurwa mukuru, Juba.

Harabaye ugutana mu mitwe kandi, mw’ijoro ryashiriye ku musi wa gatatu, mu kibanza kirimwo ikambi ya gisirikare ahitwa Torit, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru.

Igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko, cahamagaye abasirikare bose kwitaba ku vyicaro bikuru vyabo.
XS
SM
MD
LG