Uko wahagera

Prezida w’igihugu ca Ukraine, Viktor Yanukovych, Yariyamirije Inuguvu z‘Umurengera Zakoreshejwe, mu Myiyerekano y’Abatavuga Rumwe na Reta


Imyiyerekano y'abanya Ukraine batavuga rumwe na Reta
Imyiyerekano y'abanya Ukraine batavuga rumwe na Reta
Prezida w’igihugu ca Ukraine, Viktor Yanukovych, yariyamirije ivyo yise ingingo zatumye haba uruhagarara, igihe haba imyiyerekano y’abatavuga rumwe na Reta, ku murwa mukuru w’igihugu ca Ukraine, Kiev.

Prezida wa Ukraine, Viktor Yanukovych, yatangaje, ejo ku musi wa gatandatu, kw’ashavujwe n’uruhagarara, rwabereye mu kiba nza citiriwe ukwikukira ku murwa mukuru, Kiev.

Igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko, cakoresheje inembo, kugira gishwiragize abari mu myiyerekano, mu gitondo c’ejo ku musi wa gatandatu, inyuma yuko prezida Yanukovych adateye igikumu ku masezerano yerekeye kworohereza uruja n’uruza, ata ntambamyi, rw’ubudandaji ,n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya. Abantu batari bake bavurwa ko bakomeretse.

Yasavye itohoza bidatevye, kugira abagize uruhara muri urwo ruhagarara bahanwe.

Departement ya Rata ya ASmerika, yariyamirije kandi inguvu zakoreshejwe, ku bari mu myiyerekano, mu kuvuga ko gukubita n’ugutera ubwoba abantu ata kibanza vyotegerezwa kugira, mu gihugu ca Ukraine muri iki gihe.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ryatangaje kw’inguvu z’umurengera zakoreshejwe, ku bari mu myiyerekano, birenga ku burenganzira bw’ikiremwa muntu. Iryo shirahamwe risaba ko haba itohoza ryigenga, kuri ivyo vyagirizo.
XS
SM
MD
LG