Uko wahagera

Ubushinwa Bwararungitse Indege z’Ingwano Kugenzura Akarere Ziyitirira, Mu Gice c’Ibahari co mu Buseruko bw’Igihugu


Indege y'ingwano y'igihugu c'Ubushinwa
Indege y'ingwano y'igihugu c'Ubushinwa
Igihugu c’Ubushinwa catangaje ko carungitse indege z’ingwano zibiri gukwirikirana indege z’ingwano za Reta Zunze Ubumwe za America, n’Ubuyapani, zaciye mu karere Ubushinwa buherutse gutangaza ko kazizizjwemwo indege, mu gihe hatabanje kubisabirwa uburenganzira, mu gice c’ibahari co mu buseruko bw’Ubushinwa.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubushinwa, Xinhua, ryasubiyemwo ejo ku musi wa gatanu umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, Shen Jinke, avuga kw’izo ndege z’ingwano zashoboye kumenya indege z’ingwano zibiri za Amerika, n’indege z’ingwano cumi z’Ubuyapanai, igihe zariko zica hejuru y’amazinga arimwo amatati agenzurwa n’Ubuyapani, yamara Ubushinwa bwiyitirira.

Ntaco abategetsi ba Amerika n’abategetsi b’Ubuyapani baravuga kur’ayo makuru.

Abategetsi b’igihugu c’Ubushinwa batangaje, ku musi wa kane, ko barungitse indege z’ingwan,o muri ako karere, mu gikorwa c’ugukwirikirana ibihabera, yamara ejo ku musi wa gatanu, bwabaye ubwa mbere abategetsi b’Ubushinwa bamenyesha ko bariko bakwirikirana indege z’ibihugu, kanaka vyo mu mahanga.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Ubushinwa bwatangaje, mu ndwi iheze, kw‘indege zose muri ako karere zitegerezwa kwimenyekanisha, n’ukwubahiriza amategeko y’Ubushinwa.

Ubuyapani, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Korea y’epfo, vyaranse kwubahiriza ayo mategeko y’Ubushinwa.
XS
SM
MD
LG