Uko wahagera

Amerika na Afghanistani Vyarumvikanye, ku Rwandiko rw’Amasezerano Yerekeye Umutekano


Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’igihugu ca Afghanistani vyumvikanye, ku rwandiko rwa nyuma rw’amasezerano yerekeye umutekano, azogenga inteko za Amerika, mu gihugu ca Afghanistani, inyuma y’umwaka w’2014.

Prezida w’igihugu ca Afghanistani, Hamid Karzai, yaganiye ivyerekeye ayo masezerano, n’abategetsi ba Reta ya Amerika, yamara inama ikomeye igizwe n’inararibonye zirenga ibihumbi bibiri n’amajana atanu, itegerezwa kwemeza ayo masezerano, imbere yuko aja mu nama nshingamateka, kugira habe amatora.

Uwo murwi w’inararibonye ushobora gusubiramwo, canke kwiyamiriza ingingo iyariyo yose, mu nteguro y’ao masezerano, mu gihe uwo murwi wiyamirije iyo nteguro yose, ivyo bishobora gutuma Reta y’igihugu ca Afghanistani idashobora gutera igikumu kuri ayo masezerano.

Imisi itatu y’inama y’abaserukira uwo murwi, barimwo abayobozi b’ubwoko, abayobozi b’abanyeplitike, n’abayoboye incabwenge, iza gutangura uno musi ku wa kane.
XS
SM
MD
LG