Uko wahagera

Abantu 22 Barishwe, mu Gitero c’Umurwi al-Shabab, ku Gipolisi ca Somalia


Abarwanyi b'umurwi w'intagondwa z'aba Islamu, Al Shabab muri Somalia
Abarwanyi b'umurwi w'intagondwa z'aba Islamu, Al Shabab muri Somalia
Abantu barenga mirongo ibiri barishwe, ejo ku musi wa kabiri, igihe abarwanyi b’aba Islamu bareta ibiro vy’igipolisi, mu gice co hagati muri Somalia.

Umurwi w’abarwanyi, al-Shabab, wariyitiriye ico gitero mu gisagara ca Beledweyne.

Ahmed Mohamed Khalif, umuyobozi w’ibitaro vyo mu gisagara ca Beledweyne, yatangaje kw’abantu mirongo ibiri na babiri bishwe, abandi cumi n’indwi barakomereka muri ico gitero.

Ivyabona batangaje kw’imodoka yari itwawe n’abarwanyi yaturitse, hanze y’urwinjiriro rw’ibiro vy’igipolisi. Umurwi w’abantu bane bitwaje ibirwanisho barinjiye mu nyubakwa y’ivyo biro batangura kurasa.

Inteko zishigikiye Reta ya Somalia zarakikuje ico kibanza, mu vyatumye haba ukurasana, kwamaze amasaha atari make.

Abategetsi batangaje wka’abagize ico gitero bose, hamwe n’igitigiri c’abapolisi n’abasivile batari bake bishwe, muri ukwo kurasana.

Mw’itangazo, umurwi, al-Shabab, wamenyesheje ko wishe abasirikare b’Abanya Somalia, n’Abanya Djibouti.

Djibouti, ni kimwe mu bihugu vyatereye inteko, mu nteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, muri Somalia.
XS
SM
MD
LG