Uko wahagera

Infashanyo y’amakungu iratanguye gushikira ibice biri kure, hagati mu gihugu ca Philippine


Prezida w'igihugu ca Philippine, Benigno Aquino ariko aha infashanyo abarokotse igihuhusi gikomeye cane Haiyan
Prezida w'igihugu ca Philippine, Benigno Aquino ariko aha infashanyo abarokotse igihuhusi gikomeye cane Haiyan
Indege za kajugujugu z’igisirikare za Amerika zarahaye ibifungurwa, amazi n’izindi nfashanyo abantu baba mw’izinga rya Leyte, n’abandi banyagihugu baba mu bice biri kure, ejo ku musi wa mbere.

Igikorwa c’ugutabara ca Amerika kimaze gutanga itoni cumi n’imwe y’infashanyo.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwatangaje kw’abasirikare b’Abanyamerika igihumbi n’amajana abiri bari muri Philippine.

Ubwato butwara indege z’ingwano bw’Abanyamerika, USS George Washington, buriko bukoreshwa mu bikorwa vy’indege za kajugujugu.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U bijejwe gukwirikirana ibikorwa vy’ugutabara, vyamenyesheje kw’abakozi batanga infashanyo y’amakungu bagize akigoro kadasanzwe k’ugushikira abantu kurushiriza, mu bice vyasinzikajwe bikomeye n’igihuhusi gikomeye cane Haiyan.

Umuvugizi w’ivyo biro, Orla Fagan, yatangaje kw’abantu bari hagati y’imiliyoni cumi, n’imiliyoni cumi na zibiri bakeneye gufashwa, inyuma y’igihuhusi gikomeye cane cabaye muri Philippine, kw’italiki umunani z’uku kwezi kw’icumi na rimwe.
XS
SM
MD
LG