Uko wahagera

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, Avuga ko Hari Karyo k’Ukuri k’Ugutorera Inyishu Ibibazo Vyerekeye Ubuhinga bwa Nucleaire bwa Irani


Prezida w'Uburusiya,Vladimir Putin
Prezida w'Uburusiya,Vladimir Putin
Prezida w’igihugu c’Ubusuriya, Vladimir Putin, yatangaje ko hari akaryo k’ugutorera inyishu, uguhangana kumaze igihe, ku mugambi w’igihugu ca Irani, werekeye ibirwanisho ruhonyanganda.

Ibiro vya prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, vyamenyesheje, ejo ku musi wa mbere, kw’ivyo yabitangaje, mu kiganiro yagiranye kw’itelefone, na prezida w’igihugu ca Irani, Hassan Rouhani, yakiye neza utwigoro tw’Uburusiya, mu biganiro ku mugambi werekeye ubuhinga bwa nucleaire w’igihugu ca Irani.

Uburusiya ni kimwe mu bihugu bitandatu, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bitegekanijwe ko bigira uruhara, mu yindi ncuro y’ibiganiro n’igihugu ca Irani, i Geneve ejo ku musi wa gatatu, mu gihe ivyo bihugu biriko birondera gutorera inyishu impungenge zuko Irani iriko ikwirikirana ibirwanisho ruhonyanganda.

Bitegekanijwe ko prezida wa Amerika, Barack Obama, abonana, uno musi ku wa kabiri, n’abashingamateka bakomeye mu biro vyiwe, Maison Blanche. Abafasha biwe bavuga kw’aza gucira ku mayange, abo bashingamateka, ku bijanye n’ibiganiro vymirije kuba n’igihugu ca Irani.
XS
SM
MD
LG