Uko wahagera

Umu Ingenieur w’Umu Fransa Yari Yagizwe Imbohe,Yaratorotse Abari bamugize imbohe muri Nigeria


Anne-Marie Collomp, umutambukanyi w'Umu Fransa yari yagizwe imbohe muri Nigeria, Francis Collomp
Anne-Marie Collomp, umutambukanyi w'Umu Fransa yari yagizwe imbohe muri Nigeria, Francis Collomp
Umu Ingenieur w’Umufransa yanyurujwe mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria, haraheze amezi cumi na kumwe yatangaje ko yashoboye gutoroka abari bamunyuruje kw’ipikipiki, ata ngwati itanzwe, bikaba bitegekanijwe kw’asubira mu gihugu c’Ubufransa bidatevye.

Umutegetsi mukuru w’igipolisi mu ntara ya Kaduna, Olufemi Adenaike, yavuze ko Francis Collomp, yatorotse abari bamunyuruje aca aja ku biro vy’igipolisi vyo hafi yaho.
Collomp avurwa ko yari afise inguvu nkeyi, kandi ko yatakaje ibiro, yamara kw’atakomeretse.

Prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande, yatangaje kw’ashsimishijwe nuko Collomp yashoboye kwibohoza, yamara yatangaje kw’atibagiye Aba Fransa indwi banyurujwe, mu bihugu vya Nigeria, Syria na Mali.

Igipolisi catangaje kw’abantu mirongo itatu binjiye mu nzu ya Collomp, kw’italiki cumi n’icenda z’ukwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka w’2012, umusi yari yashikanye imyaka mirongo itandatu n’itatu y’amavuko, bamugira imbohe.

Umurwi Ansaru, wiyonkoye ku murwi Boko Haram, wariyitiriye inyuruzwa rya Collomp.

.
XS
SM
MD
LG