Uko wahagera

Amerika Yarashoboye Kwirinda Kunanirwa Kuriha Amadeni yayo, mu gihe Imirimo Imwe imwe ya Reta yari Yugaye Yasubiye Kubandanya


Professeur Yvan Nezerwe
Professeur Yvan Nezerwe
Impari zari zimaze imisi mu nama nshingamateka ya Amerika, ku vyerekeye kwemeza itegeko rigenga amafranga Reta ya Amerika ikoresha, n’ukwongereza urugero rw’amafranga Reta igurana, kugira irihe amadeni yayo zararangiye, mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu uheze.

Iyo ayo masezerano adashikwako, imirimo imwe imwe ya Reta yari isanzwe yuganye, yari kubandanya yugay,e mu gihe Reta ya Amerika, mu bwari kuba bubaye ubwa mbere, mu mateka yayo yari kunanirwa kuriha amadeni yayo.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, abatumire, Yvan Nezerwe, yigisha ivyerekeye ubutunzi n’amafranga, kuri kaminuza ya Phoenix, ngaha muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo, ku bibazo vyerekeye ubutunzi n’iterambere, barashikirije ivyiyumviro vyabo, ku vyerekeye izo mpari n’ingaruka, hamwe zobandanya ivyo bishobora kugira, kuri Amerika no mu makungu.

Gildas Yihundimpundu, ari I Bujumbura mu Burundi akwirikiranira hafi ibibazo vyerekeye ubutunzi n’iterambere kw’isi, yarabajije ibibazo abo batumire.

Tubatege amatwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:27:40 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG